I Am The Prodigal浪子-MMM
Fyonda ku ishusho iri hejuru kugira ngo ubone dosiye y’amajwi ku buntu.
Ikete ryo gukenguruka rya Warren Hanke:
Julia: Icipfuzo cawe co kubona “the Prodigal Song” nk’indirimbo ya RAP y’abashinwa catumye umara amasaha menshi mu gusenga no mu kurondera umuhinga mu vyo gukora indirimbo za RAP afise umutima ukunze.Kandi ivyo vyatumye Uhoraho ahezagira umugambi wacu turi kumwe na Dawidi na Mag. Julia: Urakoze cane.
David na Mag: Nzovuga iki??? Uhoraho vy’ukuri yariko arakayangana kuri uwo Mugambi w’Ikijuju ku musi mwavuganye ko mwoshobora gukora verisiyo ya RAP. Kandi mbega Verisiyo. Igihe nayumviriza ubwa mbere, narasubiyemwo incuro 4, nta n’ijambo na rimwe natahuye; ariko gusa vyafashe umutima wanje.
Nizera ko ari ubutungane bwa Data Imana budasanzwe ko mushobora gushiramwo iyi version ya RAP y’igishinwa ku rubuga rw’isi yose rurimwo ibihugu 150, harimwo Ubushinwa, Vietnam, Taiwan, EU n’ibindi vyinshi. Nasaba umuntu wese asoma iyi email ngo asangire n’abandi ivyo yeretswe, kandi asenge ngo iyi verisiyo y’Indirimbo y’Ikijuju ishike ku muntu wese Umukama ashaka kwumva.
Ndahezagiwe birenze amajambo..Murakoze Julia, David na Mag. Data Mana akomeze guhezagira iyi ndirimbo kandi ifashe abantu benshi kwinjira mu Bwami bw’Imana.
Uhoraho abahezagire cane mwese.