Mbega inkuru y’umwana w’icangazi isobanura iki?

Icangazi: Umuntu asesagura ubutunzi bwiwe mubuhumbu nokutagira integuro nimwe

Muri iyi nkuru, Yesu asigura imigenderanire y’ukuri iri hagati y’Imana Data hamwe n’abakristo bizera, mugabo nkumpamvu izarizo zose bahisemwo guta imigenderanire iri hafi bari bafitaniye na Data. Abantu benshi, ushizemwo n’abizera, babona Imana Data ko akomeye, afise inguvu nyinshi kuburyo umushavuje, ntumunezereze aca agushavurira, maze akakunyagira imvura y’umuriro, isengenya, ingwara, hamwe n’ibibazo mubuzima bwawe.

Ntanakimwe coba kiri kure y’ukuri ngaho.

Muri iyi nkuru, uyu muvyeyi yarafise abana babahungu babiri. Mutonya ahitamwo ko yova muhira. Aca asaba se ngo amuhe umugabane wiwe. Mumisi mikenya yaronse amahera yari avuye imuhira. Integuro yiwe kwari ukugira umwanya wogukora ubuhumbu asesagura amahera n’abagore, inzoga n’imiziki (urutonde rwuko yabikora singombwa rube gurtyo). Igihe amafaranga yiwe amuheranye, abagenzi biwe bakamuta, ntayindi nzira yarafise atariyo kugaburira ingurube rimwe rimwe asangira nazo. Mugabo umusi umwe mumisi yiwe y’umwiza, umuco w’Imana uramumurikira aca abona neza ukuntu yakoze amakosa arajujuta aba umuntu yikunda. Yaciye ahitamwo gutaha muhira aca abwira se wiwe, aca amubwira, “ngo Data naragucumuyeko ncumura nokuyo mw’ijuru. Sinari ndabibereye ko nokwitwa umwana wawe. Numfate nk’umwe mubakozi bawe.

Niho yaca atangura kuba harya muhira. Se, yuzuye urukundo rwinshi kubera umwana wiwe w’icangazi, yama ahagaze kugishimaryango c’inzu yiwe imisi yose mukiringo cababa imyaka ibiri. (Inkuru ivuga yuko inzara yaciye itera igihe uyo mwana yari yagiye kwangara, ikigoyi naco ico gihe camara hafi imyaka ibiri).

Niho Se yabona umwana wiwe akiri kure. Wibaza ngo yarahagaze yivugana ati: “nzomuharira urya mwana w’icangazi igihe gusa azoza ampfukamira, akubita inkoro hasi?”

Oya namba!!

Yesu avuga ngo Se yarirutse, amosozi yuzuye amaso yiwe, aragumbira umwana wiwe n’inkumbu nyinshi. Iyo nkuru yerekana igihe gikomeye c’umunezero. Umwana yari yaratakaye uno musi yatowe!!!

Murubu buryo nyene, niko Imana Data akorera umwana uwariwe wese w’icangazi, yagiye aratakara ubu naho yagarutse. Mugihe uyo muntu yihanye vyukuri kandi yagize impinduka mumutima (vyinshi kuri iyi nkuru muvyanditswe biri imbere). Imana Data izobirukira, ibasanganire, ibagumbire n’urukundo rwinshi, ibaha kaze muhira ko bagarutse.